Amakuru
8 décembre 2022

Ubwicanyi bukorwa n’Imbonerakure, ni umugambi wa CNDD-FDD wo kuva kera

Hari amanama akoreshwa n’Imbonerakure, amanama agamije kwigisha urwo rwaruka kwica bamwe mu banyagihugu ku mvo zitandukanye ariko zitavugirwa hejuru. Umugambwe Sahwanya-FRODEBU ukaba ubivuze inyuma y’aho ubwicanyi bwimonogoje muri ino minsi. Léonce Ngendakumana, icegera c’uwurongoye uwo mugambwe, ahanura umukuru w’Igihugu guhagarika ubwo bwicanyi, akanibutsa ko bitebe bitebuke buzoteba bugahanwa.