Amakuru
9 mars 2022

Ubwicanyi bukorerwa abakenyezi mu Burundi, ukuri kw’ubutegetsi bwa Evariste Ndayishimiye

N’imiburiburi abakenyezi 153 baragandaguwe kuva Evariste Ndayishimiye ashikiriye ubutegetsi mu kwezi kwa gatandatu 2020, 3 baranyuruzwa, abandi benshi bakorerwa amabi atandukanye. Ivyo biri mu cegeranyo umuhari Iteka wakoze ku mabi yakorewe abakenyezi muri ico gihe, ukaba wakirungikiye umukuru w’Igihugu. Anschaire Nikoyagize, arongoye ligue Iteka, avuga ko ishirahamwe arongoye ryipfuje kurungika ico cegeranyo kugira umukuru w’Igihugu agire ico akoze mu gukingira cane cane abakenyezi, ariko n’abanyagihugu bose muri rusangi.