Amakuru
14 avril 2023

Ubwicanyi bubandanya gukorerwa Abahema bo muri Ituri abategetsi ba Congo barorera

Abantu 2 bo mu bwoko bw’Abahema mu ntara ya Ituri mu gihugu ca Congo, bagandaguwe mu gitondo co kuri uyu wa gatanu muri village ya Lomi iri nko ku bilometero 8 vy’akarere ka Tchomia, umwana w’umukobwa akaba yahakomerekeye. Vyabaye mu gitero cakozwe n’umurwi CODECO wo mu bwoko bwa Lendu ku banyagihugu b’Abahema. Ubwo bwicanyi bukaba buje bukurikira ubundi bumaze kuba, abategetsi ba Congo ata co babivugako ngo babihagarike canke bahane abagirizwa ubwo bwicanyi. Umushingwamanza Jospin Mateso Savo, icegera c’uwurongoye ubwoko bw’Abahema, akaba kandi yiyamiriza amajambo aryanisha ashikirizwa n’abategetsi ba Congo, ari na yo atera intege Abalendu mu gutera Abahema.