Amakuru
24 décembre 2021

Ubuzima bw’umuntu ni katihabwa, abatabwubaha bazokwibonerako

Abategetsi bari bakwiye kumenya ko ubuzima bw’umuntu ari katihabwa. Bakareka kwica umuntu ataco azira. Ibi bishikirizwa na Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL. Akaba yabishikirije igihe bariko barashingurana iteka Augustin Matata, yitavye Imana inyuma y’ugusinzikarizwa ubuzima mw’iperereza ry’Uburundi. Agathon Rwasa agasaba leta guhinduka ikavavanura n’ingendo y’ubwicanyi.