Amakuru
19 mai 2023

Ubuyobozi bwa BBN buriko burasaba ko ico kigo kironswa ivyangombwa kugira gikore neza

Ikigo kijejwe kugenzura ubuziranenge, BBN, kiracafise agahaze mu kugenzura ubuziranenge bw’ibidandazwa bimwe bimwe. Ivyo vyemezwa n’ubuyobozi bw’ico kigo. Mu nama yahuje abaserukira isoko rusangi ku mugabane wa Afrika yabereye mu gisagara ca Bujumbura kuri uyu wa gatatu, Séverin Sindayikengera, arongoye BBN, yavuze ko ivyo biheza bigatuma hari ibidandazwa vyo mu Burundi bidaheza ngo bije kw’isoko mpuzamakungu. Ariko amenyesha ko babandanya babisaba kugira ico kibazo gitorerwe umuti.