Amakuru
9 août 2023

Ubutunzi bw’Uburundi bugeze ahatemba nk’uko bigaragazwa n’iduga ry’ibiciro ry’agasakisaki

Ibiciro vy’ibintu bitandukanye bimaze iminsi biduga agasakisaki mu Burundi. Isukari, igitoro, isima hamwe n’ibinyobwa vya BRARUDI vyaraduze ibiciro cane. Ukwiyongera kw’amatagisi n’ikena ry’amafaranga y’agaciro mu gihugu biri mu mvo zituma ibiciro biduga ku bw’abahinga mu vy’ubutunzi.