Amakuru
22 août 2022

Ubutunzi bw’igihugu ntibushobora kuva mu butunzi kama gusa, harakenewe n’ubuva mu bindi bisata

Uburundi nti bwari bukwiye gushimikira cane ku butunzi kama gusa mw’iterambere ryabwo. Uwu ni umwihwezo w’umuhinga mu vy’ubutunzi akaba n’umwigisha wo muri za kaminuza Janvier Nkurunziza. Hari mu nama yo guhanahana ivyiyumviro yari yatunganijwe n’ibanki nkuru y’igihugu kuri uyu wa 19 Myandagaro. Hari ku civugo « Ubutunzi kama soko y’iterambere ». Janvier Nkurunziza akavuga ko Uburundi butegerezwa kuraba n’ibindi bisata bikenewe mw’iterambere nk’ic’amahinguriro hamwe na ba mukerarugendo bigafasha gutuma ubutunzi bw’igihugu bwisununura.