Amakuru
30 juillet 2022

Ubutungane nta co bukora ku mvugo y’urwanko ihamagarira kwica Abatutsi muri Congo

Hariko haribonekeza imvugo ihamagarira kwanka Abatutsi mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Bivugwa n’umushingwamanza Bernard Maingain, ari mu runani rw’abashingwamanza baburanira abo bakorerwa amabi. Hari mw’itangazo urwo runani rwasohoye kuri uyu wa 28 Mukakaro. Bernard Maingain akavuga ko ikibabaje gusumba ari uko abakwiragiza izo mvugo z’urwanko bazwi ariko badakwirikiranwa n’Ubutungane.