Amakuru
6 août 2021

Ubutungane bw’Uburundi buracari kure kugira buronke ubwigenge

Kuva habaye inama rukokoma y’ubutungane i Gitega mu mwaka w’2013, ubutungane bw’Uburundi buracavogerwa n’inzego za leta. Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe ryishinze gukangurira Abarundi kugira ngo bahindure ingendo (PARCEM), avuga ko bari biteze ko hagiye kuba impinduka muri urwo rwego ariko amaso yaheze mu nzira. Faustin Ndikumana agasaba ko hoshirwaho urwego rukuru rw’ubutungane rukongera rukarongorwa na sentare ntahinyuzwa.