Amakuru
6 juin 2023

Ubutungane bw’Uburundi bukwiye impinduka gushika hasi kugira bukore bwuzuriza bose

Umukuru w’Igihugu akwiye guhindura urwego rw’abacamanza akarutunganya gushasha abanje kugena abacamanza babishoboye kandi buzuriza bose. Bisabwa n’umushingwamanza Vital Nshimirimana, yahoze arongoye urunani rw’abacamanza SYMABU. Abivuze inyuma y’aho Evariste Ndayishimiye amenyeshereje ko agiye gukoresha inguvu ziwe zose kugira imanza ziri mu masentare zaciwe zishirwe mu ngiro.