Amakuru
7 avril 2023

Ubutungane butegerezwa gushengeza abarashe indege yarimwo Habyarimana na Ntaryamira

Uburundi hamwe n’umugambwe Sahwanya-FRODEBU vyarabuze umuntu w’inkerebutsi, Cyprien Ntaryamira, yarota iterambere. Ni ko bivugwa na Pierre Claver Nahimana, arongoye uyo mugambwe. Yabishikirije kuri uyu wa kane i Bujumbura ahariko harahimbazwa ukwibuka urupfu rwa Ntaryamira rwabereye mw’isanganya ry’indege mu gihugu c’Urwanda ku wa 06 Ndamukiza 1994 hafi y’ikibuga c’indege ca Kanombe. Nahimana yibutsa ubutungane ko butegerezwa gukora akazi kabwo kugira bushengeze abakoroye indege ya Juvénal Havyarimana ari na yo yahitanye Ntaryamira.