Amakuru
31 janvier 2023

Ubutungane butegerezwa guca imanza zacerewe harimwo n’izo mu myaka y’1930 i Bururi

Abanyagihugu bo mu ntara ya Bururi bahamagarirwa kuvavanura n’ukwama mu mburano zidahera. Akamo gaterwa n’umushikiranganji w’Ubutungane. Hari mu rugendo yari yagize muri iyo ntara ya Bururi aho yari yagiye kwumviriza ibibazo vy’abanyagihugu bo muri iyo ntara. Domine Banyankimbona asaba kandi abacamanza kwirinda kurya ibiturire.