Amakuru
22 octobre 2021

Ubutungane buri mu kwaha kw’ubutegetsi ntibushobora kunywanisha Abarundi

Mu gihe Abarundi bari baramutse bibuka imyaka 28 iheze hagandaguwe umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye n’ubwicanyi bwakurikiye, ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’ihohoterwa rya kiremwa muntu SOS-Torture Burundi, ririyamiriza uguhengama kw’ubutungane bw’Uburundi bubandanya butakaza icizere mu bijanye no kunywanisha Abarundi. Akarorero gatangwa na Aimé Kwizera, ajejwe gutunganya imigambi mw’ishirahamwe SOS-Torture Burundi, ni ingingo y’umushikirizamanza mukuru wa Republika Sylvestre Nyandwi yakurikiranye abakekwa mw’igandagurwa rya Melchior Ndadaye, kandi ubwo bwicanyi bubarizwa mu kiringo kizokorerwako n’umurwi CVR, hama akaraba hirya ku bijanye n’ubwicanyi bwakurikiye n’ababukoze.