Amakuru
2 décembre 2022

Ubutungane bukwiye kuraba neza bamwe mu bakozi babwo barya ibiturire mu kurekura inkozi z’ikibi

Igipolisi c’Uburundi kirafise amakenga ku bagizi ba nabi barekuwe kandi bari barafashwe bakongera bagashikirizwa ubutungane, mu nyuma bagasubira gufatwa mu bundi bugizi bwa nabi. Vyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Umutekano, Pierre Nkurikiye. Hari kuri uyu wa kane igihe bereka abamenyeshamakuru inkozi z’ikibi zafashwe. Agasaba ubutungane kwikubita agashi ntibusubire kurekura abaza guhungabanya umutekano. Akikeka ko boba basohotse ibohero kubera bamwe mu bakozi b’ubutungane hakoreshejwe igiturire.