Amakuru
18 juillet 2023

Ubutumwa bugufi bugufi na internet bigiye gutozwa amatagisi menshi

Bishasha mu mugambi w’amafaranga leta itegekanya gukoresha. Umushikiranganji w’Ikigega ca leta avuga ko mu vyo biteze harimwo amafaranga menshi azova mu ma tagisi y’ubutumwa bugufi bugufi na internet. Ivyo bikaba biri mu nteguro nshasha bise budget-programme. Audace Niyonzima akaba yabivuze ku munsi wa gatandatu ariko asigurira indongozi z’ubuzi bwa leta iyo budget-programme.