Abategetsi bahamagarirwa kutiyobagiza amagorwa y’abanyagihugu. Akamo ka patiri Viateur Ntarataze mu nkuka y’imisa yo ku munsi w’Imana kuri cathédrale Régina Mundi i Bujumbura kerekana uko umwungere mwiza yigenza. Akaba yatanze akarorero k’aho mu Burundi abanyagihugu birirwa baraboroga ariko bamwe mu ndongozi bakaguma babashinyaguriza bavuga ko ibintu vyose bimeze neza. Ati bafise amahirwe ko ari intama zitekereje.
Amakuru
24 juillet 2024