Amakuru
14 septembre 2021

Ubutegetsi bw’igihugu bukwiye guhaguruka ngo bukingire abanyagihugu ikiza ca Corona

Abategetsi b’Uburundi bakwiye kureka gukoresha ikiza ca Corona nka politike, nyabuna bahaguruke bakingire Abarundi uwo mugera. Akamo gaterwa n’umuhari MAP-Burundi Buhire mu gihe ibitigiri vy’abandura ico kiza bibandanya vyiyongera mu gihugu. Kubwa Emery Pacifique Igiraneza, arongoye uwo muhari, ngo n’aho bagumye batera akamo leta ntiyumve, n’ubu baraciteguye guterera leta haba mu bahinga no mu bindi kugira bafashe mu kurwanya irandagata ry’uwo mugera.