Amakuru
22 février 2024

Ubutegetsi bwa CNDD-FDD bwubakiye ku gukumira abatari muri uwo mugambwe (Sahwanya-FRODEBU)

Intwaro ya CNDD-FDD irangwa no gukumira abari mu yindi migambwe. Bivugwa na Phénias Nigaba, icegera c’uwurongoye umugambwe Sahwanya-FRODEBU. Yabivuze kuri uyu wa 18 Ruhuhuma, aho uwo mugambwe wari uramutse utunganya ibikorwa mu ntara ya Bujumbura. Phénias Nigaba agasaba abarongoye igihugu gutanga akazi bataravye umugambwe ahubwo baravye ubushobozi.