Amakuru
4 mai 2023

Ubutegetsi bwa CNDD-FDD buzwi nk’ubutegetsi bucinyiza ubwigenge bwo kumenyesha amakuru

Ipfungwa ry’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye yagirizwa ivyaha bikomeye atigeze akora ryerekana inzigo y’inzika ubutegetsi bwa CNDD-FDD bufitiye ubwigenge bwo kumenyesha amakuru. Bivugwa na Bob Rugurika, umuyobozi w’iradiyo RPA. Akaba abivuze inyuma y’aho kuri uyu wa kabiri ari ho sentare isubiramwo imanza ya Bujumbura yamenyesha ko yashimangiye urubanza rwaciwe na sentare nkuru y’igihugu ya Mukaza. Iyo na yo ikaba yaciriye Floriane Irangabiye umunyororo w’imyaka 10, n’ihadabu ry’umuliyoni w’amafaranga y’Amarundi. Bob Rugurika akibutsa ko ivyo bisa n’ivyashikiye ibimenyeshamakuru vyigenga mu 2015, kugira ubutegetsi bunumye uwo wese ashikiriza ivyo budashaka.