Amakuru
13 mars 2024

Ubutegetsi bushaka kuzimanganya Agathon Rwasa muri politike (C. Mugwengezo)

Kutihanganira uwundi mugambwe n’umwe bohiganwa mu nzira ya demokarasi ni kwo kuranga ubutegetsi bwa CNDD-FDD. Bivugwa na Chauvineau Mugwengezo, arongoye umugambwe UPD-Zigamibanga. Abivuze inyuma y’aho kuri uyu wa mungu ubushikiranganji bw’Intwaro yo hagati mu gihugu bwemereye ikoraniro kaminuza ry’umugambwe CNL ridatumweko n’ababifitiye uburenganzira. Chauvineau Mugwengezo abona ko iyo ngendo igamije kuzimanganya Agathon Rwasa muri politike.