Amakuru
7 mai 2022

Ubutegetsi burakwiye gutunganya ukwibukira hamwe kw’ababuze ababo kugira basubize hamwe

Leta ya Gitega ikwiye kugira ibishoboka vyose kugira ngo inywanishe Abarundi bo mu bwoko bwose. Biri mw’itangazo ryashizwe ahabona n’urunani CFOR-Arusha. Babivuze mu gihe ku magenekerezo atandukanye yo mu kwezi kwa Ndamukiza, Abarundi bishira mu mirwi mu kwibuka ababo bagandaguwe mu bihe bitandukanye. Ku bwa Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urwo runani, ngo ivyo vyerekana ko Abarundi bakinyengeterewe n’umugera w’amacakubiri.