Amakuru
14 octobre 2023

Ubutegetsi bukwiye gushira ku rutonde rw’ivyigwa ivyiyumviro vya Rwagasore (Urwaruka rwa UPRONA)

Abarundi barakwiye kureka kuryana bagakwirikiza iragi rya Rwagasore. Bivugwa na Lionel Ninteretse, umwe mu baserukira urwaruka ruhurikiye mu mugambwe UPRONA. Hari mu gihe hibukwa imyaka 62 Rwagasore agandaguwe. Urwo rwaruka rusaba leta kwigisha mu mashure ivyiyumviro vya Rwagasore.