Amakuru
25 avril 2023

Ubushikiranganji bw’Ubutungane buremeza ko abanyororo bafise ibifungurwa bikwiye mu Burundi

Nta bifungurwa bibura mu mabohero y’Uburundi. Vyashikirijwe ku munsi wa mbere n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Ubutungane, mu kiganiro rusangi abavugizi b’inzego zitandukanye z’igihugu bagiranye n’abanyagihugu. Anne Marie Nkeshimana, avuga ko ubwo bushikiranganji buriko bukora ibishoboka kugira ngo bushire mu ngiro ingingo y’umukuru w’Igihugu yo kugabanya ibitigiri mu mabohero.