Amakuru
20 janvier 2021

Ubushikiranganji bw’ubutungane bumenyesha ko bugiye kurekura igitigiri kinini c’abafungwa, ivyo bikazokorwa mu kiringo c’amezi abiri

Ubushikiranganji bw’ubutungane bumenyesha ko bugiye kurekura igitigiri kinini c’abafungwa, ivyo bikazokorwa mu kiringo c’amezi abiri. Vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’ubutungane Jeanine Nibizi mu nama yabaye mu ndwi iheze yo kwigira hamwe ivyaranguwe n’ubwo bushikirananji mu mezi atandatu aheze. Jeanine Nibizi yongeye aramenyesha ko nama dosiye atari make y’abapfungwa agiye gushirwa mu ngiro muri ico kiringo nyene.