Amakuru
8 septembre 2022

Ubushikiranganji bw’Ubudandaji bwemeye ko ibifungurwa bivuye hanze vyinjira

Kuva ubu birarekuwe kwinjiza ibidandazwa bivuye hanze y’igihugu nk’intete, ibigori, isukari, hamwe n’isima. Ni ivyamenyeshejwe n’ubushikiranganji bw’Ubudandaji kuri uyu wa gatatu, nk’uko vyashikirijwe na Onésime Niyukuri, umuvugizi w’ubwo bushikiranganji.