Umugambwe CNL uriyamiriza ingendo y’ubushikiranganji bw’Intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano yo kwankira urwaruka rw’uwo mugambwe guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe urwaruka. Uwo munsi ukaba wari guhimbazwa ku w’Imana uheze. Agathon Rwasa, arongoye uwo mugambwe, akavuga ko icitwazo c’umushikiranganji yavuze ko uwo munsi wari umaze gutegekanywa guhimbazwa i Ngozi atari co. Ku bwiwe, ngo ubwo ni uburyo bwo kubuza ko iyindi migambwe ikora kandi yose ifise uburenganzira bumwe. Bagasaba ko ako karenganyo katobandanya gakorerwa imigambwe itavuga rumwe na leta. Isanamu tukaba tuyikesha Radio Télévision Isanganiro.
Amakuru
10 octobre 2022