Amakuru
17 mars 2023

Ubushikiranganji bw’Imigambi ya leta bukwiye gusubizwaho mu Burundi

PARCEM irasaba ko hosubizwaho mu Burundi ubushikiranganji bujejwe Imigambi ya leta. Mu kiganiro yagiranye n’abameyeshamakuru kuri uyu wa kane igenekerezo rya 16 Ntwarante, Faustin Ndikumana, arongoye iryo shirahamwe ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo, yasavye kandi ko hokwandikwa igitabo kirimwo imigambi ya leta yose y’umwaka.