Urunani rw’abaganga bize kudandaza imiti ruvuga ko rwakiriye neza ingingo y’ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu no kurwanya ikiza SIDA yo guhagarika impusha zo kwugurura amavuriro n’ama pharmacies bishasha. Serge Harindogo, arongoye urwo runani, yabivugiye kuri télévision Isanganiro kuri uyu wa gatatu, akaba yamenyesheje ko ivyo bifise intumbero yo kwitaho gucungera neza ico gisata. Akaba avuga ko n’abandi bashikiranganji bagiye barafata ingingo nk’izo kugira bakingire abanyagihugu.
Amakuru
25 juillet 2024