Amakuru
1 juin 2022

Ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu bukwiye gukingira abanyagihugu inyonko ya Vallée du Rift

Ubushikiranganji uko ari bubiri, ubw’Amagara y’abantu n’ubw’Ubworozi, butegerezwa kuja hamwe kugira bushireho ingingo zikwiye zo gutuza ikiza c’inyonko iriko irahonya ibitungwa. Iyo ni impanuro ya Come Konakuze, umuhinga mu vy’indwara z’ivyaduka. Kuri we, leta yategerezwa gufata ingingo zihuta kugira zigabanye uburemere bw’ingaruka z’ico kiza ku banyagihugu.