Abashakashatsi bo muri Kaminuza y’Uburundi barakwiye kuva mu biro kugira bifatanye n’abandi mu gushira ahabona ubumenyi bushasha bukomoka mu bushakashatsi kugira umugambi wa politike y’iterambere ushoboke. Bivugwa na Emery Nukuri, icegera c’uwurongoye Kaminuza y’Uburundi, igihe hariko haraba inama i Bujumbura ku munsi wa kabiri, inama yahuje abigisha bakora ubushakashatsi muri Kaminuza y’Uburundi. Yamenyesheje ko iyo nama yari ifise intumbero yo guhimiriza abashakashatsi kugira biteho igisata co gukingira ibidukikije.
Amakuru
23 août 2024