Amakuru
30 novembre 2022

Uburyo bwo gukurikira abantu bafise ibikomere mu kibano bwaratanguye mu ntara 4

Uburyo bwo gukurikira abantu bafise ibikomere mu kibano ngo ni uburyo bwiza buriko burageragezwa mu bihugu vy’akarere nk’Uburundi, Urwanda hamwe na Congo iharanira intwaro rusangi. Mu ruganda rugenewe abamenyeshamakuru rutanguza iminsi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi mu karere k’Ibiyaga binini (COCAFEM), Anne Spès Nishimwe, ajejwe ihimiriza mu kurwanya amabi afatiye ku gitsina, yamenyesheje ko ubwo buryo bumaze imyaka cumi butanguye mu Burundi mu ntara zine z’igihugu.