Amakuru
29 juillet 2022

Uburyo bwa mbere bwo kwirinda indwara y’igitigu bita Hépatite, ni ukwipimisha no kuronswa urucanco

Isi yose irahimbaza ku wa 28 Mukakaro uko umwaka utashe, umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya indwara bita Hépatite. Nk’uko bivugwa na Come Konakuze, umuhinga mu bijanye n’indwara z’ivyaduka, iyo ndwara nta muti ifise, ariko irafise urucanco rwizewe gushika ku bice 98%. Uburyo bwa mbere bwo kuyirinda, ku bwa Come Konakuze, ni ukwipimisha, hagakurikira ukuronswa urucanco.