Amakuru
21 mars 2024

Uburundi ntibushobora kwemeza ko ata mfashanyo bugikeneye (PARCEM)

Ntivyumvikana ingene abategetsi uhereye ku mukuru w’Igihugu bavuga ko Uburundi ata mfashanyo bugikeneye, kandi n’uno munsi igitunze igihugu ari imfashanyo nyene. Ivyo bishikirizwa n’ishirahamwe PARCEM. Faustin Ndikumana arirongoye, avuga ko leta yonyene mu mafaranga itegekanya gukoresha harimwo imfashanyo izova hanze nini. Akaba atanga uburorero butari buke. Ivyo Faustin Ndikumana akaba abishikirije inyuma y’aho umukuru w’Igihugu avugiye ko mu minsi iza ahubwo Uburundi ari bwo buzoba buriko burafasha ibindi bihugu. Faustin Ndikumana abandanya avuga ko iyo mvugo y’uko ata mfashanyo Uburundi bukeneye itangaje kubera n’imfashanyo Uburundi buronka butanayimara. Ariko agahamagarira gufata ingingo zo kurondera imfashanyo zikwiye, na cane cane kuzikoresha neza.