Amakuru
27 avril 2023

Uburundi ntibushobora gutera intambwe n’imwe hagihonyangwa agateka ka zina muntu

Afatiye aho igihugu kigeze, amashirahamwe 18 aharanira iyubahiriza ry’agateka ka zina muntu asanga ata bundi buryo bwokoreshwa ngo impore igaruke mu Burundi atari uko ubutegetsi bwa CNDD-FDD bwohagarika agatotezo kabandanya kwibonekeza. Ayo mashirahamwe abivuga mu rwandiko yasohoye ku wa 26 Ndamukiza avuga aho abona ko Uburundi bugeze kuva mu 2015 hiyamirijwe ikiringo ca gatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza. Umushingwamanza Janvier Bigirimana, yavuze kw’izina ry’ayo mashirahamwe 18, aranagaruka kandi no ku vyerekana ko abarwanije ikiringo ca gatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza bari mu kuri.