Amakuru
28 mars 2023

Uburundi ntibushobora gutera imbere abategetsi badahinduye ingendo ngo bakoreshe amafaranga neza

Isuzuma ryitwa PEFA riraba ukuntu leta iriko irakoresha amafaranga y’igihugu ryari rikwiye kubera leta akaryo ko kugarukira ubutunzi. Vyasabwe n’ishirahamwe PARCEM ryiyemeje gukangurira Abarundi guhindura ingendo. Mu kiganiro Faustin Ndikumana, arongoye PARCEM, yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa 27 Ntwarante, yaboneyeho no gusaba abategetsi bo muri leta guhindura ingendo bakitwararika gukoresha neza amafaranga ya leta hamwe boba bashaka gukura igihugu mu bukene.