Uburundi ntibukwiye gushirwa mu bihugu bikenye kuko Abarundi bafise ibintu nyamukuru bakenera. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yabibwiye abamenyeshamakuru bo kw’iradiyo y’abafaransa RFI mu ndwi iheze. Evariste Ndayishimiye akavuga ko ibanki y’isi yose be n’ikigega mpuzamakungu FMI bashira Uburundi mu bihugu bikenye bafatiye ku mafaranga ariko bibesha kuko n’aho Abarundi boba batagira amafaranga, ngo bafise ivya nkenerwa bindi vyose.
Economie
22 juillet 2021