Amakuru
23 mars 2023

Uburundi n’Ibanki y’isi yose bizobandanya bikorana nk’uko bisanzwe

Leta y’Uburundi irasabwa kunyarutsa imigambi yasavye ko yoshigikirwamwo. Bivugwa na Dr Floribert Ngaruko, aserukira ibihugu 22 vya Afrika, harimwo n’Uburundi, mw’Ibanki y’isi yose. Akaba yabisavye abategetsi b’igihugu babonanye mu rugendo yarimwo mu Burundi. Akavuga ko Ibanki y’isi izobandanya gushigikira Uburundi mu migambi yabwo nk’uko vyahora.