Amakuru
18 mars 2024

Uburundi ni bwo bugiye gufasha ibindi bihugu bikenye (Evariste Ndayishimiye)

Abarundi buzuye umunezero. Abatanezerewe na bo ngo ni abigize abaja b’Urwanda. Ivyo bivugwa na Evariste Ndayishimiye. Umukuru w’Igihugu yabishikirije kuri uno wa gatandatu uheze itariki 16 Ntwarante, umunsi wahariwe Umukenyerarugamba. Evariste Ndayishimiye avuga ko yemeza uwo munezero kubera ngo ubu Uburundi aho bugeze butagisaba kandi ata n’ideni bugikeneye.