Amakuru
16 janvier 2023

Uburundi na Kenya vyabaye ivya mbere mw’ihiganwa ry’akarere rya Tennis, ryaheze ku wa gatandatu

Ibihugu vya Kenya n’Uburundi ni vyo vyatahanye ikibanza ca mbere mw’ihiganwa rya Tennis, ryatunganijwe kuva ku wa 7 kugeza ku wa 14 Nzero i Bujumbura. Ryari ihiganwa ry’akarere rihuza ibihugu cumi bihurikiye mu karere ka kane, ariko ibihugu 5 ni vyo vyashoboye kwitaba. Na vyo bikaba ari Urwanda, Tanzaniya, Ubuganda, Kenya, n’Uburundi rero bwakiriye izo nkino. Gilbert Nibigira, arongoye ishirahamwe rya Tennis mu Burundi, arashima ko iryo higanwa ryerekanye ico imikangara y’aka karere ka 4 ishoboye.