Amakuru
16 avril 2022

Uburundi na Congo birakwiye guhamvya Tanzaniya mu kwubaka ibarabara ry’indarayi bisangiye

Uburundi burasabwa kwitegurira gutangura kwubaka ibarabara ry’indarayi rizoca Musongati-Gitega, kugira ngo rizohure n’iririko rirubakwa n’igihugu ca Tanzaniya, imbere y’uko iryo ririko rirubakwa muri Tanzaniya rishika ku mupaka ivyo bihugu bihurirako. Akamo gaterwa na Dieudonné Dukundane, umunyamabanga nshingwabikorwa w’ishirahamwe ry’umuhora wo hagati bita Corridor central. Yabivugiye mu birori vyo kwugurura icese igice ca gatatu c’ibarabara ry’indarayi Tanzaniya-Burundi, hari ku munsi wa gatatu.