Leta y’Uburundi ikwiye kumenya ko imbere yo guhamagarira Abarundi baba mu mahanga gufasha mw’iterambere ry’igihugu yari ikwiye ubwa mbere gusubira kugira Uburundi igihugu kigendera ku mategeko. Bivugwa na Pacifique Ndayisaba, aserukira Abarundi baba mu gihugu ca Australie. Abivuze inyuma y’aho leta y’Uburundi itunganirije indwi yahariwe Abarundi baba mu mahanga. Pacifique Ndayisaba abona ko ivyo biba, diaspora ntibobanza no kuyitumira yokwizana.
Amakuru
26 août 2023