Amakuru
7 août 2021

Uburundi bwiteze ko ikigega FMI kibafasha gukuraho ikibazo c’amafranga y’agaciro

Ikibazo c’amafranga y’agaciro gishobora gutora inyishu mu Burundi biciye mu mafranga y’imfashanyo azotangwa n’ibigo bijejwe gutanga amafranga y’ingurane nk’ikigenga c’isi FMI. Iyo mfashanyo niyo izotuma amahinguriro ashobora gukora ibitandukanye bishobora gushorwa mu makungu, gutyo amafranga y’agaciro akaba arabonetse. Ivyo bisigurwa na Olivier Suguru, arongoye ishirahamwe ry’amahinguriro mu Burundi (AIB).