Amakuru
27 avril 2024

Uburundi bwerekeza mu ntwaro y’umugambwe umwe (A. Gateretse)

Leta y’Uburundi itegerezwa gushira imbere intwaro rusangi, cane cane muri iki gihe igihugu cimirije amatora, kugira ntihabe ihungabana ry’umutekano rivuye ku matora. Bisabwa n’urunani Tournons la Page Burundi, rushira imbere ukubisikanya ku butegetsi biciye mu matora, mu gihe kuri uyu wa 26 Ndamukiza Abarundi bibuka igihe hatangura imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Anitha Gateretse, umuhuzabikorwa w’urwo runani, anegura ko ubutegetsi bufise intumbero yo gusubiza igihugu mu ntwaro y’umugambwe umwe.