Amakuru
26 janvier 2024

Uburundi bwategerezwa gukorera ku kuba bwarinjiye mu gisata c’ama douanes ca EAC

Leta irasabwa ko igisata ca douane gikorera mu buhinga bwa none. Bisabwa na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM. Akaba abisaba mu gihe kuri uyu wa 26 Nzero, isi ihimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe ivy’ama douanes. Kuri we ngo igisata ca douane ni igisata giteza imbere igihugu agasaba leta kurwanya abantu binjiza ibidandazwa bidaciye mu mategeko.