Amakuru
19 avril 2023

Uburundi butegerezwa kugendera ku rugero rumwe n’ibindi bihugu mu bidandazwa bikwije amategeko

Mu minsi iza hazosohoka itegeko ribwiriza abadandaza gushora ibidandaza bikwije ivya ngombwa. Bimenyeshwa na Sévérin Sindayikengera, umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe ubuziranenge ku bidandazwa (BBN). Akavuga ko vyavuye ko abadandaza b’Abarundi bima amatwi impanuro zo gukora neza. Ivyo na vyo bikaba bitanga ishusho mbi y’Uburundi.