Amakuru
11 janvier 2022

Uburundi busa n’uburi mu ntwaro y’umugambwe umwe, mu gihe hari imigambwe myinshi

Nta bwingenge bwo gukora politike buhari mu Burundi kubera abatwara bose ari abo mu mugambwe umwe, bigatuma iyindi migambwe iburabuzwa. Agathon Rwasa, arongoye umugambwe CNL, yabivugiye ku mboneshakure Isanganiro kuri uyu wa gatandatu uheze. Kubw’uwurongoye uwo mugambwe, henshi cane abategetsi bama bariko barabuza umugambwe CNL gukora ibikorwa vyawo.