Amakuru
14 juin 2022

Uburundi buri mu maboko y’ubutegetsi bw’umugambwe umwe

Urwaruka rw’Imbonerakure rurasabwa gucungera umutekano muri rusang, na cane cane umutekano w’abategetsi muri komine ya Buganda, intara ya Cibitoke. Ni akamo ka Révérien Ndikuriyo, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, mu mpera z’iyi ndwi iheze. Amajambo y’uyu muyobozi w’umugambwe uri ku butegetsi yerekana ko Uburundi buri mu maboko y’ubutegetsi bw’umugambwe umwe nk’uko bitangazwa na Jérémie Minani, arongoye umugambwe w’Ihuriro ry’Abarundi baharanira intwaro rusangi (RDB). Minani atera akamo Imbonerakure kugira ngo zumve ko ziriko zirakoreshwa kandi ko ivyo vyica kazoza kazo.