Amakuru
8 juin 2021

Uburundi burahimbaza umunsi wahariwe gukunda igihugu mu ntumbero yo kwibuka uwahoze arongoye Uburundi Petero Nkurunziza

Kuri uyu wa 8 Ruheshi, Uburundi burahimbaza umunsi wahariwe gukunda igihugu mu ntumbero yo kwibuka uwahoze arongoye Uburundi Petero Nkurunziza. Uwo akaba yitavye Imana kuri iryo genekerezo nyene mu mwaka uheze. Abatari bake mu barongoye igihugu canke abo basangiye urugamba rw’umuheto, baramutera amashurwe ko yabaye umurongozi w’akarorero wa mbere mu gihugu.  Kubw’umukuru w’igihugu w’ubu Evariste Ndayishimiye, ngo imboneza yamaho niyo yagarukanye ituze mu gihugu yongera asenyura intwaro zari zishingiye ku macakubiri.