Impapuro 21 zitanga uburenganzira bwo kuronka uburusho ku bazanye imitahe, nizo zatanzwe n’ikigo ADB kijejwe guteza imbere igihugu (Agence de développement du Burundi), mu kiringo c’amezi 6 aheze. Bishikirizwa na Désiré Musharitse, umuyobozi mukuru w’ikigo ADB, mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu. Uwo arongoye ico kigo akaba yamenyesheje ko Uburundi bukiri inyuma mu bijanye no kworohereza abanyamitahe ugereranije n’ibindi bihugu vyo mu karere. Akabona ko ahanini vyavuye ku ndyane za politike igihugu giherutse gucamwo kuva mu mwaka w’2015.
Amakuru
14 janvier 2022
