Amakuru
15 décembre 2021

Uburundi bukwiye kwongereza inguvu zo kurwanya no kwikingira ikiza ca Corona

Kudakurikiza neza amabwirizwa yo kwirinda ikiza ca Corona hamwe no kudashiramwo uburyo bukwiye kugira ico kiza gituzwe bikwiye, biri mu bituma uwo mugera ugwirirana mu gihugu. Ibi bishikirizwa na Come Konakuze, umuhinga mu bijanye n’ingwara z’ivyaduka. Akabivuga afatiye ku bitigiri vy’abandura ico kiza biguma vyiyongera ku rugero runini mu gihugu. Uwo muhinga agasaba leta gushiraho ingingo zikomeye kugira ngo abanyagihugu bicandagishe ku bwinshi.